Uko wahagera

Gineya: Abana b'Imyaka 12 na 17 Batanguye Gucandarwa Covid-19


Isanamu y'incanco za Covid-19
Isanamu y'incanco za Covid-19

Gineya yatanguye uno musi kuwa Gatatu gukingira abana bari hagati y'imyaka 12 na 17 ikiza ca Covid-19 hakoreshejwe incanco za Pfizer na Moderna nkuko bitangazwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu.

Igihugu ca Gineya caronse incanco ca Pfizer na Moderna mu mpera z’ukwezi kw’icumi no mu ntango z’uku kwezi kw’icumi na rimwe nk’uko bitangazwa n’urwego rw’igihugu rujejwe amagara y’abantu. Yamara ntikimenyesha incanco zatanzwe uko zingana n’iyo zaje zituruka.

Ico gihugu cari caronse imbere yaho incanco 194400 za AstraZeneca biciye mu mugambi wa COVAX. Zunganiwe n’izaguzwe hamwe n’izatanzwe n’igihugu c’Ubushinwa.

Gineya imaze gukoresha n’imiburiburi incanco 2276474 gushika ubu mu gikorwa c’ugukingira abanyagihugu bayo ikiza ca Covid-19. Imaze gukingira ibigera ku bice 9 kw’ijana vy’abanyagihugu hisunzwe ibiharuro bitangwa na reta.

Reta ishikiriza ko igigitiri c’abantu bamaze guhitanwa na Covid-19 gushika ubu ari 387, mu gihe abamaze kuyandura ari 30709. Ibihugu bitari bike vyo muri Afurika vyisunze umugambi wa COVAX kugira bironke incanco. Bikaba vyacandaze igitigiri gitoyi c’abanyagihugu bavyo.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG