Ifaranga ry’Ubushinwa, yuan, ryatakaje agaciro uno musi wa mbere ku rugero rutari bwaboneke mu kirongo c’imyaka 11. Ivyo ni inyuma yuko prezida wa Amerika, Donald Trump agabishije gushira amatagisi mashasha ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana ku bibandazwa vy’agaciro k’imiliyoni 300 bivuye mu gihugu c’Ubushinwa kuva kw’italiki 1 y’ukwezi kw’icenda.
Abitegereza ibintu biteze ko ugutakaza agaciro kw’ifaranga rya yuan bizokwongereza icuka kibi hagati y’Ubushinwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abategetsi ba Amerika bamaze igihe bavuga ko ukugabanuka kw’inguvu kw’i Yuan bituma ibidandazwa ubushinwa bushorera hanze bizimbuka kurushiriza. Ivyo bikaba bigeramira ibihugu vyo mu mahanga bihiganwa na Amerika, bikongereza umusesekara mu vy’ubudandaji w’igihugu c’Ubushinwa.
Ibanki nkuru y’Ubushinwa yagiriza ukwiyugarana kwa Amerika mu bijanye n’ubudandaji kw’itakaza ry’agaciro ry’ifaranga rya yuan. Bitegekanijwe ko intambara y’ubudandaji hagati y’Ubushinwa na Amerika itera yiyongera. Abitegereza ibintu bakavuga ko ivyo bizogira ingaruka kw’i yuan umuntu urigereranije n’idolari. Bavuga ko igabanuka ry’agaciro ry’i yuan n’intambara y’ubudandaji hagati y’Ubuyapani na Amerika bifitaniye isano.
Facebook Forum