Uko wahagera

Francine Niyonsaba Yatsindiye Amahiganwa ya Diamond League


Umunonotsikazi Francine Niyonsaba i Zurich mu Busuwise
Umunonotsikazi Francine Niyonsaba i Zurich mu Busuwise

Umunonotsi w'Umurundikazi Francine Niyonsaba ni we yatahukanye igikombe c'amahiganwa yitwa, Diamond League, yo muri uno mwaka wa 2021. Francine yatsindiye ico gikombe yirutse imetero 5000 mu minota 14 n'amasogonda 28 arengako uduce 98 (14:28.98). Yakurikiwe n’icamamare mu kwiruka, Hellen Onsando Obiri, akomoka mu gihugu ca Kenya yirutse iminota 14 n'amasogonda 29 arengako uduce 68 (14:29.68).

Francine Niyonsaba w’imyaka 28 yabwiye abamenyeshamakuru ejo ari mu Busuwise ko inyuma yaho ishirahamwe ry’abanonotsi, IAAF, rimutegetse guheba kwiruka ku metero 800 yari asanzwe yirukako rimwagiriza kugira “imisemburo inyuranye n’iy’abakobwa”, atigeze aronka uwemera kumumenyereza kwiruka amametero menshi. Muri ico kiganiro cabereye mu gisagara ca Zurich, Niyonsaba yavuze ko zimwe mu mvo zatumye ataronka abamushigikira mu kwiruka metero nyishi, harimwo ukutemera ko yoshobora kwiruka amametero menshi avuye kuri make. Yanashimangiye ko agarutse guteza imbere imikino no kubera urumuri abandi.

Mu bagore n’abakobwa biruka imetero 5000 kw’isi yose, Francine Niyonsaba uno mwaka ari ku murongo wa kane. Biri uko mu gihe yakomeje kumvikana yidogera Uburundi ko butamwitayeho, asigura ko butanamufashije mu kwitwarira ishirahamwe ry’abanonotsi IAAF ryamubujije kwiruka imetero 800.

Mu mpera z’ukwezi guheze, Prezida w’Uburundi Evarsite Ndayishimiye asa nk'uwungira mu rya Niyonsaba, yavuze ko nawe nyene atanezerejwe n’ikibanza uwo munonotsikazi ahabwa agira ati: “ Birababaje kubona uwujejwe inkino yibuka Niyonsaba iyo hageze kuja guhiganwa mu makungu gusa. Birababaje kubona abantu nk’abo batitaweho". Francine yishimiye amajambo y'umukuru w'igihugu asaba ko abanonotsi botegurwa biboneka

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG