Uko wahagera

Francine Niyonsaba Yagarutse mu Mahiganwa Arengeye Metero 1600


Francine Niyonsaba
Francine Niyonsaba

Francine Niyonsaba umunonotsi rurangiranwa w'umurundikazi yafatiwe ibihano n'ishirahamwe mpuzamakungu, IAAF, kuva mu 2017 bivuye ku mubiri wiwe ufise umusemburo mwinshi kuruta uw’abandi bigeme bahiganwa kuri uno wa Mungu yagarutse mu mahiganwa.

Yahiganywe ku metero ibihumbi 10. Ivyo bihano yari yafatiwe co kimwe na Semenya Caster wa Afrika y’epfo vyababuza gusubira guhiganwa kuva ku metero 800 gushika 1600.

Abo bigeme babiri ni bo ba mbere kw'isi biruka kuri metero 800. Mw’ihiganwa ry’uno wa Mungu, Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere: Imetero ibihumbi cumi yazirutse akoresheje iminota 33 n’amasogonda 45. Inyuma y'iryo higanwa ryabereye mu Burundi, yabwiye abamenyeshamakuru ko avyishimiye kandi ubu ico agamije ari imikino ya Olympike

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG