Francine Niyonsaba aherutse kuba umunonotsi wa mbere yirutse imetero 2000 mu mwanya muto kw'isi akaba yanatahukanye mu misi iheze ibikombe vyinshi ku mugabane w'Ubulaya na Amerika yatahutse mu gihugu c'Uburundi kuri uyu wa gatatu mu gatondo.
Yakiranywe iteka n'icubahiro cinshi ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura aho abanyagihugu bari basidukanye n'iyonka kumutegera ku mabarabara. Umunonotsi Niyonsaba yavuze ko ubushimwe yatahukanye n'imyanya myiza ari iteka ku Burundi muri rusangi.
Imbere y’uko atahuka, uwu munonotsi yarakejwe ku mbuga ngurukanabumenyi n’abantu benshi hatibagiwe abategetsi barimwo Perezida Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe ubu bari mu rugendo muri Amerika bitabiriye inama ya ONU igira 76 y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta.
Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.
Facebook Forum