Uko wahagera

FMI Yagurije u Rwanda Amamiliyoni 109 yo Kurwanya COVID19


Perezida w'u Rwannda Paul Kagame na Kristalina Georgieva wa FMI

Ikigega mpuzamakungu FMI cahaye Reta y’u Rwanda ingurane y’imiliyoni ijana n’icenda y’amadolari agenewe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

U Rwanda rubaye igihugu ca mbere co muri Afrika gihawe ideni nk'iryo rigenewe kurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Igitigiri kimaze kumenyekana gushika ubu c’abamaze kwandura umugera wa Corona mu Rwanda ni 84.

Iryo deni rizofasha kugabanya ingaruka z’ikiza c’umugera wa Corona ku budandaji, igisata c’ingenzi n’amafranga y’agaciro ari mu bubiko. Azofasha kurushiriza kandi mu gisata c’ubuvuzi.

Naho Urwanda arico gihugu ca mbere kironkejwe ubwa mbere ingurane nk'iyo y’ukurwanya ikiza ca Corona, ikigega mpuzamakungu FMI kiriko kirihweza dosiye z’ibindi bihugu vyafashe amadeni nk'ayo.

U Rwanda ruzera cane ku ngenzi ziza mu gihugu kugira rushobore kwongereza amafaranga y’agaciro ari mu bubiko. Mu kwezi guheze ico gihugu caruguruye imbibe zarwo ku baza mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG