Uko wahagera

FMI: Ubutunzi Bwariyongereye mu Bihugu 9 vya Afurika


Christine Lagarde, umuyobozi mukuru wa FMI

Ubutunzi muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara buzokwiyongera bitatu n’ibice bine kw’ijana muri uyu mwaka w’i 2018, buvuye kuri bibiri n’ibice umunani kw’ijana mu mwaka w’i 2017.

Ikigega mpuzamakungu FMI kimenyesha ko ibihugu vyo musi ya Afrika bivyifashemwo neza mu vyerekeye ubutunzi muri iki gihe ari Benin, Burkina Faso, Etiyopiya, Ghana, Cote d’Ivoire, u Rwanda, Senegal na Tanzaniya.

Igihugu kiza ubwa mbere ni Etiyopiya, bitegekanijwe ko ubutunzi bwaco bwiyongera ibice bigera hafi kuri icenda kw'ijana muri uyu mwaka w'2018.

FMI ivuga ko naho ubutunzi bw' ivyo bihugu bwateye imbere, hari ibindi bihugu vyo musi y'ubugararwa bwa Sahara bicugarijwe n'ubukene butagira izina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG