Uko wahagera

FBI: Ivyaha vy'Inzanko n'Ivangurarukoba Vyariyongereye muri Amerika


Bamwe mu banyagihugu mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivangurarukoba
Bamwe mu banyagihugu mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivangurarukoba

Ivyaha bishingiye ku rwanko n’ivangurarukoba vyariyongereye cane muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu mwaka uheze ugereranije n’uko vyari biri mu myaka 12 iheze. Igisata kijejwe iperereza muri Amerika, FBI, kibivuga gisigura ko abakorerwa ivyo vyaha ari ahanini abirabure n’abakomoka ku mugabane wa Aziya.

Ibiharuro bishasha vya FBI vyerekana ko amadosiye ajanye n’ivyo vyaha yatanzwe n’amashirahamwe ari mu vy’ubutungane agera ku bihumbi 15 mu mwaka uheze, yarimwo ivyaha bishingiye ku nzanko n’ivangurarukoba 7759. Vyaduze ibice 6% ugereranije n’uko vyari mu 2019.

Bimwe muri ivyo vyaha harimwo uguterwa ubwoba bwo kwicwa canke kugirirwa nabi, ukwicwa, ugukomeretswa no gufatwa ku nguvu. FBI ivuga ko ibiharuro ifise ari vyinshi kandi vyerekana ko habwirizwa kugira igikorwa vyihuta ngo ibi vyaha biranduranwe n’imizi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG