Uko wahagera

Facebook ya Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro Yahagaritswe


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro

Urubuga rwa Facebook ya Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro rwahagaritswe vy’imfatakibanza. Umuvugizi wa sosiyete ya Facebook yatangaje ano makuru avuga ko ari ingingo yafashwe bivuye kuri videwo irimwo amakuru ashobora kuyovya abanyagihugu mu vyo kurwaya Covid-19 uwo mutegetsi yashize ku rubuga rwiwe.

Iyo videwo Facebook yashingiyeko mu gufatira ingingo Maduro irimwo igisa nk’ukwamamaza ikinyobwa citwa Carvatir. Abayikoze bavuga ko uwunyoye ico kinyobwa gikozwe mu vyatsi “Covid-19 itamugera umutwe.” Perezida Maduro yari yanditse avuga ngo: “Iki kinyobwa uwukinyoye arakira Corona kandi nta ngaruka bimutera.”

Umuvugizi wa Sosiyete ya Facebook yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ko bashingiye ku bivugwa n’ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ata muti wa Covid-19 uraboneka, amakuru ya Maduro gutyo agafatwa nk’ibihuha bishobora kuyovya abantu.

Facebook ya Perezida Maduro yahagaritswe mu kiringo c’iminsi 30. Muri ico kiringo, Maduro ntazoshobora gucisha ubutumwa na bumwe ku rubuga rwiwe. Abamukurikira ariko bazoshobora gusoma ivyo yanditse imbere yo gufatirwa ingingo. Facebook yagiriyeko ivuga ko akatari gake Maduro yarenze ku mategeko agenga imikorere y’urwo rubuga.

Hagati aho, abanduye ikiza ca Covid-19 kw'isi yose barenze imiriyoni 126. Kaminuza ya Johns Hopkins ifise icicaro muri Amerika, igatanga amakuru ku banduye ku mwanya ku mwanya ivuga ko Reta Zunze Ubumwe z'Amerika zikiri imbere mu bwandu, Brezile ikaza ubwa kabiri, hama hagakurikira Ubuhindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG