Uko wahagera

EU Yipfuza Gukomeza Igihagararo Cayo muri Afurika


Ahariko habera inama igira gatandatu ihuza Ubumwe bwa Buraya n'Ubumwe bwa Afurika
Ahariko habera inama igira gatandatu ihuza Ubumwe bwa Buraya n'Ubumwe bwa Afurika

Ishirahamwe ry'ubumwe bw'Ubulaya ryakiye abategetsi b'ibihugu birenga 40 vyo muri Afrika uno musi ku wa kane i Buruseli ku murwa mukuru w'Ububiligi mu kigoro k'ugusubira gukomeza igihagararo caryo ku mugabane wa Afrika.

Bitegekanijwe ko ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya ritanga imfahanyo zitari nke zigenewe ibisata vy’amagaara y’abantu, indero n’umutekano muri Afrika. Bizokwemera gutanga ica kabiri c’imiliyaridi 300 y’amayero y’imitahe itegekanijwe guhiganwa n’umugambi w’igihugu c’Ubushinwa wiswe, Belt and Road Initiative.

Imbere y’iyi nama, umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya, Josep Borrell, yatangaje ko Ubulaya na Afrika bifitaniye imigenderanire ikomeye imaze igihe kirekire. Iyo nama y’imisi ibiri yari kuba yabaye mu mwaka w’i 2020 yamara ikaba yarigijweyo kubera ikiza ca Covid-19,

Borell yabwiye inama nshingamateka y’Ubulaya ko ibibazo vya Afrika ari ibibazo vyabo. Yamenyesheje ko mu gihe baba barirko bagerageza gutorera inyishu ivyo bibazo baba bariko bakorera inyungu zabo ubwabo.

Ibihugu vy’i Bulaya hamwe n’ibindi bihugu bitunze vyaranebaguye bikomeye kuba vyigungiyeko ibikoresho n’incanco mu gihe c’ikiza ca Covid-19. Harabaye kandi impungenge zikomeye kandi ku ngingo ivyo bihugu vyafashe y’ukubuza abantu bavuye mu bihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko kwinjira ku butaka bwavyo. Hari inyuma yuko ubwoko bw’umugera wa Covid-19 bwa Omicron butowe muri ako karere mu mpera z’umwaka urangiye.

Hari n’ibindi bibazo bikomeye cane hagati y’iyo migabane yompi nk’ibijanye n’ikibazo c’imukira na demokrasi iriko itera isubira inyuma mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG