Uko wahagera

Etiyopiya Yatangaje ko Eritreya Yemeye Gukura Inteko Zayo mu Ntara ya Tigre.


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yabitangaje uno musi ku wa gatanu. Bibaye inyuma y’uko aremewe bikomeye na Reta zunze ubumwe za Amerika n’abandi kugira atorere inyishu ingwano n’ubwicanyi birangwa mu ntara ya Tigre.

Inyuma y’urugendo rwiwe muri Eritreya, Abiy Ahmed yatangaje ko inteko za reta zizosubirira iza Eritreya mu gikorwa co gukingira ibice biri ku rubibe n’ico gihugu, kandi ko ivyo bizoja mu ngiro buno nyene.

Abiy Ahmed yemeye ubwa mbere mu ndwi iheze ko inteko za Eritreya ziri ku butaka bw’igihugu ciwe. Yamara itangazo rishasha ry’ibiro vyiwe ntirimenyesha igitigiri c’izo nteko, naho ivyabona vyemeza ko ziharurwa mu bihumbi n’ibihumbi.

Reta ya Eritreya ntaco yavuze buno nyene ku vyatangajwe n’iya Etiyopiya. Abavyiboneye bavuga ko inteko za Eritreya zagize uruhara kuva ingwano itanguye mu ntara ya Tigre.

Reta zunze ubumwe za Amerika yasavye ko inteko za Eritreya ziva mu ntara ya Tigre bidatevye haraheze indwi zitari nke. Reta ya Prezida Joe Biden yarungitse senateri Chris Coons muri Etiyopiya haraheze indwi mu biganiro n’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere ntiyishuye buno nyene ku bibazo vyerekeye itangazo ryashikirijwe uno musi ku wa gatanu. Nta kintu kandi yavuze ku catumye inteko za Eritreya zitavuye muri Etiyopiya inyuma y’uko bisabwe imbere y’aho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG