Reta ya Etiyopiya yatangaje uno musi ku wa gatatu ko yarekuriye indege zitwaye imfashanyo mu ntara ya Tigre mu buraruko bw'igihugu muri iyi ndwi. Yamara gushika ubu, nta ndege n’imwe iraguruka.
Abategetesi batangaje ko kuva ku musi wa mbere, italiki 5 y’ukwezi kw’umunani, umwaka w’i 2021 reta yatanze uruhusha ku mpande zose zegwa n’ibibazo biri mu ntara ya Tigre rwo guha imfashanyo abanyagihugu baho, hakoresheje indege.
Uno musi ku wa gatatu, Wesenyeleh Hunegnaw, umuyobozi mukuru w’urwego rujejwe indege z’igisivile muri Etiyopiya yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko urwo ruhusha rutegerezwa gutangwa n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, mu nyuma y’aho bakabimenyeshwe. Yamara avuga ko gushika ubu ata kintu na kimwe barabwirwa n’ubwo bushikiranganji. Uyu muyobozi amenyesha ko ata ndege zirava ku murwa mukuru, Addis Abeba zija ku murwa mukuru w’intara ya Tigre, Mekelle. Avuga ko iyaba vyari bimaze kuba, aba abizi.
Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU ryaramenyesheje ku musi wa gatanu w’indwi irangiye ko ikibazo c’ibifungurwa ciyongeye bikomeye cane mu kiringo c’indwi 2 zirangiye. Rimenyesha ko abantu 400,000 mu ntara ya Tigre bageramiwe n’inzara muri iki gihe, mu gihe abandi umuliyoni n’ibihumbi amajana umunani bashobora gusinzikazwa n’ikigoyi.
Facebook Forum