Uko wahagera

Etiyopiya: Amatora Azotegurwa n'Uwutavuga Rumwe na Reta


Birtukan Mideksa avugana n'itangazamakuru aho ayarekurwa mu gasho mu 2010
Birtukan Mideksa avugana n'itangazamakuru aho ayarekurwa mu gasho mu 2010

Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Etiyopiya, Birtukan Mideksa, yaheruka gutahuka avuye mu buhungiro muri Amerika kuri uno wa kane yagenywe mu kibanza c’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora.

Umupfasoni Birtukan Mideksa yahoze ari umucamanza aje yiyongera ku bandi bapfasoni baherutse gushingwa amabanga akomeye muri Reta kuva aho umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed agiriye ku butegetsi mu kwezi kwa kane.

Yemejwe n'abashingamateka kuri uno wa kane inyuma y'urugendo Abiy Ahmed yagize muri Amerika aho yabonanye n'Abanyetiyopiya batigeze bizera Reta zahahora abasaba gutahuka mu gihugu cabibarutse.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yavuze ko amatora Etiyopiya yiteguriye mu 2020 azoba meza kandi azotunganywa ku mugaragaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG