Uko wahagera

Espanye mu Ntumbero yo Kugabanya Abimukira Binjira mu Bulaya


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Espanye, Pedro Sanchez yatanguye urugendo rw'imisi ibiri muri Afrika mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy'abimukira binjira mu karere k'Ubulaya.

Azogendera ibihugu vya Angola na Senegal bifise uruhara rukomeye mu vyerekeye imigambi mishasha y’igihugu ciwe yo gukomeza imigenderanire n’akarere ka Afrika hamwe no kugerageza kugabanya ibitigiri vy’abimukira, abantu benshi bafitiye impungenge ko bishobora kwiyongera bivuye ku nkurikizi z’ikiza ca Covid-19.

Bitegekanijwe ko Pedro Sanchez azoba ari kumwe n’abaserukira amasosiyete atari make y’igihugu ciwe, abonana na Prezida wa Angola, Joao Lourenco igihe aza kuba ari ku murwa mukuru, Luanda uno musi ku wa kane. Ategekanya kuzobonana kandi na Prezida w’igihugu ca Senegal, Macky Sall ku murwa mukuru, Dakar ejo ku musi wa gatanu.

Azohagarikira inama z’abarwizatunga muri ivyo bihugu uko ari 2, yongere agendere abapolisi bo mu gihugu ciwe bariko bakorana na bagenzi babo bo muri Senegal mu gikorwa co kurwanya urudandazwa rw’abantu mu karere ko muri Afrika yo mu burengero kegereye ibahari Atlantike.

Icicaro c’abo bapolisi barungitswe n’igihugu ca Espanye muri Senegal kiri ku murwa mukuru, Dakar.

Abategetsi ba Espanye bafise impungenge ko ingaruka z’ikiza ca Covid-19 ku vyerekeye ubuzi bishobora gutuma ibitigiri binini vy’abanyafrika barondera kuja mu karere k’Ubulaya, vyiyongera kurushiriza. Benshi muri bo baciye muri ico gihugu.

Abantu barenga 41,000 bavuye muri Maroc no mu karere ko muri Afrika yo mu burengero barashitse muri Espanye baciye mu mazi y’ibahari Atlantike mu mwaka w’i 2020.

Abategetsi b’ico gihugu bapfunze abimukira ibihumbi n’ibihumbi mu makambi yashizweho mu mazinga ya Canaries. Bizeye ko bazosubiza mu bihugu vyabo abenshi muri bo bazoshobora kurungika, biba ku gushaka kwabo canke biciye mu masezeranzo n’amareta y’ibihugu baje bavamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG