Uko wahagera

DRC: Abategetsi Bagabisha ko COVID19 Izokwiyongera mu kwa Gatanu


Perezida wa Congo Félix Tshisekedi
Perezida wa Congo Félix Tshisekedi

Abajejwe ivy’amagara y’abantu muri Republika ya demokarasi ya Kongo bagabisha ko ivy’ikiza ca virusi ya Corona bishobora kwunyuka mu kwezi kuza kwa gatanu. Ibisagara abo bategetsi bemeza ko bishobora kubangamirwa n’ico kiza gusumba ibindi ni umurwa mukuru Kinshasa.

Mw'itangazo ryarungikiwe itangazamakuru muri ico gihugu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko abamaze kwandura COVID19 muri Congo-Brazaville yonyene barenze 100, mu gihe igihugu cose kivugwamwo abarenga 250.

Ni no kuri ivyo bitigiri umurwi washinzwe gukumira ico kiza ufatira mu kuvuga ko ibintu bishobora kuba bibi gusumba. Abagize uwo murwi bavuze ko baravye umurindi w’abandura basanga wiyongera ku buryo bwihuse kandi bukabije.

Ivyo bitigiri nkuko abo vyega babandanya babivuga biteze ko bizoduga cane hagati y’indwi ya mbere n’iya kabiri z’ukwezi kwa gatanu. Basavye amavuriro n’ibitaro kwitega kwakira abarwayi bashobora kuzoba benshi ugereranije n’uburyo amavuriro afise yo kubakira no kubavura.

Bimwe mu vyo abajejwe gukumira ico kiza bavuga ko biriko bituma wiyongera birengeje, birimwo ko abantu batariko barubahiriza amategeko yo kuguma mu mihana yabo. Basavye ko hoshirwaho ingingo ruhasha zirimwo gutegeka kwambara udukoresho dufuka umunwa n'amazuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG