Uko wahagera

DRC: Abasirikare Bamaze Kugwa mu Ngwano kuva mu 2014 ni 2000


Bamwe mu Basirikare ba Kongo
Bamwe mu Basirikare ba Kongo

Igisirikare ca Kongo, FARDC, gitangaza ko kuva mu kwezi kwa cumi ko mu 2014 kimaze kubura n’imiburiburi abasirikare 2000 bo mu karere ka Beni kari mu buseruko.

Jenerali de brigade Sylvain Ekenge, avugira akarere ka gisirikare ko muri Kivu ya Ruguru aya makuru yayemereye abamenyeshamakuru ababwira ko abo bose baguye mu ntambara yo guhagarika ubwicanyi bukorerwa abasivile bo mu karere ka Beni. Ni ubwicanyi FARDC yegeka ku murwi urwanya ubutegetsi bwa Uganda, ADF.

Uwo mutegetsi mu gisirikare ca Kongo abandanya avuga ko bahagaritse abanyagihugu 145 bagirizwa gukorana na ADF, bata muri yompi abarwanyi b’uwo murwi baharurwa mw’ijana. Muri abo bahagaristwe, harimwo abanyekongo b’imvukira za Beni na Butembo, ibisagara bibiri bikomeye muri Kivu ya Ruguru.

Jenerali de Brigade Sylvain Ekenge yumvikanishije ko amahoro muri Kivu ya Ruguru akiri kure nk’izuba agira ati: “Kuronka amahoro vyihuta ni nk’indoto. Ariko tuzoyaharanira. Ntimwibagire ko ino ntambara imaze imyaka myinshi.”

Ubundi umurwi wa ADF wavutse urimwo abarwanyi b’abayisilamu bakomoka muri Uganda bipfuza kuvana ku butegetsi Yoweri Museveni. Washinze imizi muri Kongo aho umaze imyaka 30. Kuva mu 2013, abepiskopi katorika bemeza ko umaze kwica abasivile 6000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG