Uko wahagera

DRC: Abarenga 1000 Barishwe n'Abarwanyi mu Myaka Ine


Bamwe mu basirikare ba Kongo mu bikorwa vyo gukinjura akarere ka Beni

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, kuri uno wa kane ryatangaje ko abagera ku 1000 muri Kongo ari bo bishwe n'abarwanyi batamenyekanye muri ino myaka ine iheze.

Human Rights Watch isigura ko muri uno mwaka wa 2018 wonyene, abagera ku 235 ari bo bagandaguwe n'abo barwanyi, 17 muri abo 235 bagandaguwe igenekerezo rya 22 ukwezi kwa cenda uno mwaka mu gisagara ca Beni.

Iryo shirahamwe ryavuze kandi ko atawuzi irengero ry'abagera kuri 16 bagwiriyemwo abana banyurujwe mu mpera z'ukwezi kwa cenda bavanwa mu gisagara ca Oicha.

Human Rights Watch ihamagarira ibiro vy’umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha kwagura amatohoza muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo mu ntumbero yo gushira ahabona ukuri kuri ivyo bitero bisa nk'ivyabaye ndanse.

Iryo shirahamwe risaba kandi inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano muri Kongo, MONUSCO, gukoresha ubushobozi zifise kugira abakora ivyo bitero bamenyekane, abanyagihugu nabo bakingirwe bishemeye.

Icegera c’umuyobozi wa Human Rights Watch muri Afurika, Ida Sawyer, yavuze ko abakora ubwo bwicanyi batamenyekanye ngo bashengezwe butazokwigera buhagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG