Uko wahagera

Donald Trump Yarangije Amabanga Yiwe Yerekeza muri Leta ya Florida


Donald Trump yerekeje muri Reta ya Florida avuye mu gisagara ca Washington DC inyuma yuko arangije amabanga yiwe ya prezida.

Donald Trump yuriye indege itwara abaparezida ba Amerika, “Air Force One” ubwa nyuma mu mabanga ya prezida mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu. Yateye agana muri Reta ya Florida inyuma yuko arangije ikiringo c’imyaka ine mu mabanga y’umukuru w’igihugu.

Igihe yariko ava mu biro vyiwe, “Maison Blanche” mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatatu, yatangaje ko kuba prezida cabaye icubahiro mu buzima bwiwe.

Aho kwitaba ibirori vy’ukurahira kwa prezida yatowe Joe Biden, nkuko biba ku ba prezida barangije ibiringo vyabo, Trump yagirishije ibirori vyiwe vyari vyitabwe n’abatumire 200 mu kibuga c’indege c’igisirikare kirwanira mu kirere ca Amerika ca Joint Base Andrews hanze y’igisagara ca Washington DC.

Trump yabwiye abamushigikiye mu butumwa bw’ugusezera ko badasezeye, ko bazogaruka mu buryo bundi. Hari imbere yuko yurira indege ijejwe kurerura abaprezida ba Amerika, “Air Force One” muri ico kibanza ca gisirikare.

Trump yatanze akarorero k’imigambi reta yiwe yaranguye, harimwo kworohereza kurushiriza ukwivuza kw’abasekombata n’itegeko rishasha rigabanya amatagisi ku banyamerika batari bake. Yifurije reta igiye kumusubirira umugisha, naho atavuze Joe Biden mw’izina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG