Uko wahagera

Hillary Clinton Yahanganye na Donald Trump mu Kiganiro Mpaka


Hillary Clinton na Donald Trump
Hillary Clinton na Donald Trump

Umukandida Donald Trump w’abarepublikani hamwe na Hillary Clinton w’aba demokrate, mu kiganiro cabo ca mbere ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere, batanguye bishura ku bibazo bijanye n’ubutunzi.

Mur’ico kiganiro, gisa n'uko umukandida Trump atashaka guha agahengwe umukandida Clinton ko kwsigura, umukandida Clinton niwe yatanguye gufata ijambo aho yabwiye abamukurikira kw’ari we mukandida bakeneye mw’ihinduka ry’ubutunzi bw’Igihugu cabo Hillary Clinton yavuze ko umugambi wiwe ar’ukuduza ubutunzi mu gushinga amashirahamwe mashasha, mu kwagura ayasanzweho no mu kunganisha imishahara. Kubwa Clinton, abanyagihugu bo ku rugero gwo hagati ukwo bazomererwa neza niko igihugu kizogenda gitera imbere.

Umukandida Donald Trump yatumye urutoke uwo bahangana, Clinton mu kugaruka ku makete y’akazi yakoreshe ku ruhara gwiwe. Donald Trump avuga ko azokwerekana amakori yatanze mu gihe Hillary azokwerekana amabaruwa yakoresheje ku gwego gwiwe bwite akoresheje umuhora w’akazi. Trump avuga kandi azogarukana amahinguriro y’imvukira za Amerika yagiye gukorera hanze y’igihugu, kugira agaruke gukorera muri Amerika hagati.

Trump yagarutse kandi ku mugambi wiwe wo kugabanya amakori y’abatunzi, kuko kubwiwe kugabanya ayo makori bizotuma amashirahamwe yabo agaruka mu gihugu hagati.

Hillary Clinton avuga ko kubona umukandida Trump adashaka gushira ahabona ibijanye n’amakori yiwe har’ico anyegeza.

XS
SM
MD
LG