Uko wahagera

COVID19: Gahunda ya Guma mu Rugo muri Ghana Yaheze


Prezida w’igihugu ca Ghana, Nana Akufo-Addo, yarakuyeho ku musi w’Imana ingingo iziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo mu bisagara bibiri bikomeye cane vya Accra na Kumasi. Ghana ni co gihugu conyene co muri Afrika kimaze gupima umugera wa Corona ku bantu barenga 60.000.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, Prezida Nana Akufo-Addo yatangaje kandi ko abamaze kwandura umugera wa Corona mu gihugu barenga 1000. Ghana ni co gihugu ca mbere muri Afrika kitongereje ikiringo c’ingingo itegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo.

Prezida Akufo-Addo avuga ko ingingo y’ugutegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo yari yafatiye ku makuru bari bafise ku bitigiri vy’abanduye umugera wa Corona. Atangaza ko guhagarika iyo ngingo muri iki gihe bifatiye ku makuru bafise ku bijanye n’ico kiza.

Yamara amenyesha ko ingingo y’ukuziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo ishobora gusubira gufatwa hamwe vyokenerwa mu bice umugera wa Corona wokwibonekezamwo cane.

Ibihugu birimo u Rwanda, Afrika y’epfo, Uganda, Nijeriya na Zimbabwe vyarongereje ikiringo c’ingingo vyafashe y’ugutegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG