Amashirahamwe agwanya igituntu, ingwara ibangamira ahanini amahaha, avuga ko ikiza ca Corona catumye ibikorwa n’utwigoro two kugwanya iyo ngwara kw’isi bihagarara kandi vyari vyarateye intambwe nziza.
Ariko ayo mashirahamwe asanga mu bihugu iyo ngwara yari ibangamiye abantu cane, na Nijeriya kirimwo, igikorwa co kugwanya iyo ngwara carabandanije gutera intambwe imbere.
Rimwe mu mashirahamwe aharanira kugwanya igituntu, avuga ko naho mu mwaka uheze ibitigiri vyo gupima no kuvura iyo ngwara vyari vyaduze ku bice 23%, ibitigiri bishasha vyerekana abantu bagenda bipimisha canke bivuza iyo ngwara, bariko bariyongera.
Itohowa Ukoh, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kugwanya ingwara y’igituntu muri Nijeriya, avuga ko igihugu ciwe cagumye mu nzira nziza yo kugwanya igituntu kubera umugambi reta yihaye wo gupimira hamwe ikiza ca corona n’ingwara y’igituntu.
Facebook Forum