Uko wahagera

COVID-19 Ikomeje Kwiyongera muri Etiyopiya


Mu gihe ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona bibandanya kwiyongera muri Etiyopia, reta y’ico gihugu iriko ikorana n’ishirahamwe ryo mu gihugu c’Ubushinwa ryitwa GBI Health Etiyopia mu guhingura ibikoresho vyo gupima uwo mugera.

Reta ya Etiyopiya imenyesha kw’ico gihugu gifise abagwayi ba Corona barenga ibihumbi 64, kandi ko abamaze kwitaba Imana bashika igihumbi. Ejo ku musi w’Imana niho reta yuguruza ibitaro vyatuganijwe mu kibuga rusangi aho biteguriye kwakira buno nyene abagwayi bagera ku 200.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Etiyopiya bamenyesha kw’ico gihugu kimaze gupima abantu umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu, kandi ko Etiyopiya ari kimwe mu bihugu vyo muri Afrika kigira gatatu mu bimaze gupima igitigiri kinini c’abantu ingwara ya Corona. Bavuga ko bafise ibibazo bijanye no kutagira ibikoresho bikwiye vyo gupima iyo ngwara, ivyuma vyo guhemeramwo, hamwe n’ibitanda vy’abagwayi.

Ejo ku musi w’Imana aho buguruza icese ihinguriro rigiye gutangura gukora ibikoresho vyo gupima Corona, umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed yavuze kw’iryo hinguriro rizokora ibipimisho imiriyoni 10 ku mwaka. Ivyo bipimisho bizokoreshwa mu gihugu hagati, ibindi birungikwe hanze y’igihugu, bahereye mu guha ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG