Uko wahagera

Covid 19: Afurika y'Epfo Yatangiye Kugerageza Inkingo Zakorewe mu Bushinwa


Umukozi wo mu nzego z'ubuvuzi ategura urukingo rwa Covid 19 rwakorewe mu Bushinwa rwitwa Sinovac
Umukozi wo mu nzego z'ubuvuzi ategura urukingo rwa Covid 19 rwakorewe mu Bushinwa rwitwa Sinovac

Afrika y'Epfo yatangiye gucandaga abana n’imikangara mu ntumbero y'ukubakingira ikiza ca Covid-19. Biri mu mugambi w'ukugerageza incaco z'igihugu c'Ubushinwa.

Urwo rukingo rw’Abashinwa Sinovac Biotech rugeragezwa ku bana bari hagati y’amezi 6 n’imyaka 17 hirya no hino ku isi.

Uwo mugambi uriko ukorwa mu makungu uzokoresha abantu 2000 muri Afrika y’Epfo n’abandi 12000 muri Kenya, Filipine, Chili na Maleziya.

Abana ba mbere muri Afrika y’Epfo bacandagiwe ku murwa mukuru, Pretoria. Abandi bazohabwa izo ncanco mu bindi bice 6 vyo mu gihugu nkuko vyatangajwe n’isosiyete, Sinovac uno musi ku wa gatanu.

Ico uwo mugambi ushaka gushikako ni ugusuzuma niba urwo rucanco rukora neza ku bana.

Ibiharuro bimaze kwemezwa vy’abanduye Covid-19 muri Afrika y’Epfo ni 2800000 harimwo 84327 bamaze gupfa.

Ico gihugu gihanganye muri iki gihe n’ibiharuro vy’abandura Covid-19 biriko vyiyongera bikomeye cane kubera ubwoko bw’uwo mugera bwa Delta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG