Uko wahagera

Covid-19: Abava muri DRC na Tanzaniya Ntibemerewe Kiwnjira mu Bwongereza


Ikibuga c'Indege Heathrow kiri i Londres mu Bwongereza

Kuva ejo ku wa gatanu, abanyagihugu bava muri Republika ya Demokarasi ya Kongo na Tanzaniya ntibemerewe kwinjira ku butaka bw’Ubwongereza. Umushikiranganji ajejwe ivyo kunguruza abantu n’ibintu mu Bwongereza yasiguye ko ari ingingo yafashwe mu ntumbero yo gukumira ubundi bwoko bwa Covid-19 bukaze bwibonekeje muri Afurika y’Epfo.

Mu gihe ubwo bwoko buvugwa no mu Bwongereza, Tanzaniya na Kongo akaba ari ibihugu bidahana urubibe na Afurika y’Epfo, abatari bake ku mbuga ngurukanabumenyi babandanya kwibaza igituma ivyo bihugu ari vyo vyakumiriwe.

Ntaco yaba Tanzaniya canke Republika ya Demokarasi ya Kongo biravuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG