Uko wahagera

Cote d'Ivoire Yatanguye Gukingira Ebola Abakorera mu Buvuzi


Cote d'Ivoire yatanguye gukingira ikiza ca Ebola abakozi bajejwe amagara y'abantu n'abandi ku murwa mukuru, Abidjan uno musi ku wa mbere inyuma yuko vyemejwe ko umuntu umwe yanduye iyo ndwara mu mpera z'iyi ndwi turangije.

Ico gikorwa catanguye uno musi ku wa mbere inyuma yuko umwigeme w’imyaka 18 asanganywe umugera wa Ebola ku musi wa gatandatu. Yari agiye na bisi ku murwa mukuru Abidjan avuye mu gihugu kibanyi ca Guinee. Niwe muntu wa mbere vyemejwe ko afise Ebola muri Cote d’Ivoire mu kiringo c’imyaka 25.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bamaze kumenya abantu 9 begeye uwo mwigeme, harimwo abantu 3 bari mu muryango umwe n’abakozi 6 bo mu bitaro.

Muri Guinee, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje, uno musi ku wa mbere ko buzotangura gucandaga abanyagihugu, naho butamenyesheje neza ryari ico gikorwa kizotangura.

Ico gihugu cari catangaje ko ata Ebola ikihabazwa kw’italiki 19 y’ukwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka, inyuma yuko ukwiyadukiza kw’iyo ndwara mu bumanuko bw’igihugu guhitanye abantu 12.

Abategetsi batangaza ko uwo mwigeme yavuye mu buraruko bw’igihugu na bisi, aca mu ntara ya Nzerekore mu bumanuko bushira ubuseruko, aho ikiza ca Ebola caheruka kwiyadukiza ubwa nyuma.

Yinjiye muri Cote d’Ivoire aciye ku rubibe rwo mu bumanuko bwa Guinee, ashika ku murwa mukuru, Abidjan ibilometero amajana n’amajana mu bumanuko kw’italiki 11 y’ukwezi kw’umunani. Yajanywe mu bitaro umusi wakwirikiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG