Uko wahagera

Cote d'Ivoire Yatanguye Gukingira Abanyagihugu Ebola


Umwe mu banyagihugu bariko bacandarwa Ebola muri Cote d'Ivoire
Umwe mu banyagihugu bariko bacandarwa Ebola muri Cote d'Ivoire

Cote d'Ivoire yatanguye gukingira abanyagihugu Ebola hakoreshejwe incanco, inyuma yuko hari umuntu asanganywe iyo ndwara ku murwa mukuru, Abidjan. Ico gikorwa catanguye ku musi wa mbere ku bakozi bajejwe amagara y’abantu ku murwa mukuru w’ubutunzi, Abidjan. Ni inyuma yuko hari umwigeme w’imyaka 18 vyemejwe kw’afise iyo ndwara mu mpera z’indwi irangiye.

Abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi bagera ku 200 benshi muri bo bakora mu bitaro vyo ku murwa mukuru, Abidjan aho uwo mwigeme yakiwe, baracandazwe. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu butangaza ko bufise imigambi y’ukuba bwacandaze abantu 2 000 uno musi ku wa gatatu.

Igihugu gifise incanco 5 000 gusa mur’iki gihe. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Pierre Dimba yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu biri mu buryo mur’iki gihe. Atangaza ko abantu bagera kuri 70 bagize urugendo mu modoka imwe n’uwo mwigeme yasanganywe Ebola bamenyekanye.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS ritangaza ko ritewe impungenge n’ukuba umugera wa Ebola watowe ku murwa mukuru wa cote d’Ivoire, Abidjan, igisagara kirimwo abantu barenga imiliyoni 4.

Muri Guinee aho uwo mwigeme w’imyaka 18 yaje aturuka, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje ku musi wa mbere ko buzotangura gucandaga abanyagihugu. Yamara ntibwavuze ryari ico gikorwa kizotangura. Ico gihugu cari catangajwe ko kitakirangwamwo Ebola kw’italiki 19 y’ukwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka inyuma yuko ukwiyadukiza kw’iyo ndwara mu kiringo c’amezi 4 mu bumanuko bw’igihugu guhitanye abantu 12.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG