Uko wahagera

COAP21: Inkunga ya Vietnam na Norvege


Ibihugu vya Vietnam na Norvege Vyemeye guterera amafaranga mu kigega kigamije gufasha ibihugu bikenye guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Inama igira 21 kw’ihindagurika ry’ibihe irabandanya mu gihugu c’ubufaransa.Mu gihe abashikiranganji bajejwe ibidukikije mu bihugu bitandukanye bariko barabira hamwe icoja mu masezerano arindiriwe ku musi wa gatanu,Ibihugu vya Norvege na Vietnam vyiyemeje guterera agacumu ku bumwe muri ca kigega kizojamwo ama miriyaridi ijana ku mwaka ku mwaka ngo gifashe ibihugu bitaratera imbere mu butunzi guhangana n’ihindagurika ry’ibihe .

Igihugu ca Norvege ciyemeje kuzogwiza na kabiri amahera cari catanze mu 2014 muri ico kigega.Ni kuvuga ama miriyoni 516 y’amafaranga y’abanyamerika .Vietnam naco cemeye gutanga umuriyoni w'ama dolari y'abanya amerika.Ni mugihe ibihugu bitunze kandi vyagirizwa kuba birungika ivyuka vyinshi mu kirere ataco biravuga ku ntererano bitegekanya kuzotanga.

Ibihugu vya Norvege na Vietnam vyemeye kuzogera mu 2020 ayo mafaranga vyamaze kuyatanga. Mu mashirahamwe yigenga aharanira ibidukikije, bakavuga ko impinga ikiri ndende kuko ico kigega kirinda kujamwo amafaranga agera ku ma miriyaridi 100 y’amadolari y’abanya amerika ku mwaka ku mwaka.

Ikibazo gica kigaruka ku batari bake kikaba gihagaze kubazotanga ayasigaye, ayo bazotanga umwe umwe wese n’igihe azotangirwako kuko bimwe mu bihugu bitunze nka leta zunze ubumwe za America bishigikiye ko ico kigega co kwega ababishoboye hatarinze kurabwa ivyuka vyarungitswe mu kirere nkuko biriko bisabwa n’ibihugu vyifise nka Qatar ariko ata kahise kabi k’ivyuka vyonona ibidukikije bifise.

Abahinga bava mu bihugu bikenye bakabandanya batera akamo abo vyega kutirengagiza ico kigega.

Ku wambere wa hera, aho abakuru b’ibihugu batanguza icese ino nama ya 21 ,bamwe muribo bahamagariye ibihugu vyose guterera agacumu kubumwe aho bageza bongera banatanga uturorero twivyakozwe mu bihugu vyabo kugira bahangane n’ihindagurika ry’ibihe .

Bitegekanijwe ko kuri uno wagatanu, hazoboneka amasezerano ku bidukikije yunvikanyweko na bose kandi yerekana n’ingene ibihugu bikenye bizofashwa mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Inkuru y’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Diane Nininahazwe.


please wait

No media source currently available

0:00 0:02:45 0:00


XS
SM
MD
LG