Uko wahagera

Congo: Mathias Dzon Azoshinga Urubanza ku Vyavuye mu Matora


I Brazzaville muri Congo, Mathias Dzon, umunyapolitike atavuga rumwe na reta yahiganywe mu matora, muri Republika ya Congo yatangaje ko azoshingisha urubanza rusaba ko ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ku musi w'imana, bifutwa.

Uwo Mathias Dzon yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega yaronse amajwi angana na 1.9 kw’ijana. Amenyesha ko abaserukira abahiganywe muri ayo matora, batagize uruhara mu gikorwa co guharura amajwi, kandi ko ivyo vyerekana ko hari ibishaka kunyegezwa. Ku bwiwe, ibiharuro vy’ivyavuye mu matora yo ku musi w’Imana ntibishobora kwegeranywa mu kiringo c’umusi umwe.

Prezida Denis Sassou Nguesso, afise imyaka 77 muri iki gihe, yasubiye gutorwa mu kindi kiringo n’amajwi 88.57 kw’ijana, nk’uko ibiharuro vya mbere vy’ivyavuye mu matora vyatangajwe ku musi wa kabiri, bivyerekana.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta wahisemwo kutaba muri ayo matora yo ku musi w’Imana.

Ayo matora yahuriranye n’urupfu rwa Guy-Brice Parfait Kolelas, umunyapolitike yariko arahiganwa na Prezida Nguesso yari akomeye kurusha abandi.

Intsinzi ya Sassou Nguesso izotuma ayobora igihugu mu kindi kiringo c’imyaka 5. Ni amatora agira aya kane atsinze kuva mu mwaka w’i 2002.

Republika ya Congo yahoze ikolonijwe n’Ubufransa ifise amatungo akomeye y’ibitoro mu butaka bwayo. Menshi mu mafranga reta ikoresha ava mu bitoro biba vyagurishijwe. Yamara ubutunzi bw’ico gihugu bwarayanzaye bivuye ku biciro vy’ibitoro vyagabanutse bikomeye cane ku masoko mpuzamakungu n’amadeni y’umurengera ico gihugu gifitiye amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG