Uko wahagera

CNDD-FDD na CNL Bakomeje Gushamirana mu Myiyamamazo


Evariste Ndayishimiye aramutswa CNDD-FDD na Agathon Rwasa aramutswa CNL

Abanywanyi babiri b'umugambwe CNDD FDD n'umwe w'umugambwe CNL ni bo bamaze gupfa kuva hatanguye imyiyamamazo y'amatora y'uyu mwaka, abandi 18 ba CNDD FDD barakomereka co kimwe n'umunani ba CNL.

Abanywanyi ba CNL nabo 37 barahagaritswe muri ico kiringo nyene nk'uko vyemezwa n'igipolisi cagiriza abayoboke b'uwo mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi gukoresha ibigwanisho birimwo imyampi mu kugwanya aba CNDD FDD.

Intara zimaze kwibonekezamwo imishamirano ni Kirundo, Ngozi hamwe na Kayanza mu buraruko, Ruyigi na Cankuzo mu buseruko, Mwaro na Muramvya hagati na hagati hamwe na Rumonge na Bujumbura mu burengero.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’abari mu duce twabayemwo ugutana mu mitwe yemeza ko hari uduce tumwe tumwe abanywanyi ba CNDD FDD basotoye aba CNL n’ahandi aba CNL babasubirije mu nkoko. Muri komine Ntega ho mu Kirundo, mbere iyi migwi ibiri mukugwana i ruhande y’amahiri n’ibisu hamwe n’imipanga yakoresheje n’imiheto n’imyampi bikoreshwa mu ruhigi.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

CNDD-FDD na CNL Bakomeje Gushamirana mu Myiyamamazo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:01 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG