Uko wahagera

Ubushinwa: Abanonotsi 21 Baguye mu Marushanwa ya Marathon


Ishusho ngereranyo ya bamwe mu bari mu marushanwa yo kwiruka
Ishusho ngereranyo ya bamwe mu bari mu marushanwa yo kwiruka

Abanonotsi 21 bitavye Imana inyuma yo kwiruka mu mvura ivanze n’imbeho nyinshi n’imiyaga mu Bushinwa. Vyabereye mu ntara ya Gansu iri mu buraruko bw’igihugu.

Umurwi watunganije amarushanwa yo kwiruka mu misozi abo banonotsi baguyemwo wasavye ikigongwe uvuga ko wicuza kandi ubabajwe n’ivyabaye. Ntiwigeze yamara werura ngo uvuge ko hari urwangara rwoba rwarabaye mu kutagenderereza ibirere imbere yo gutegura ayo marushwanwa.

Abari bitabiriye ayo mahiganwa y’abiruka ibirometero 100 bari 172. Itororokanirizo ry’amakuru yo mu Bushinwa Xinhua rivuga ko151 muri abo amagara yabo yifashe neza naho hari abariko bavurwa ibikomere bisanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG