Uko wahagera

Chang Yahoze Ari Umushikiranganji muri Mozambike Azoburanira muri USA


Manuel Chang yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Mozambike
Manuel Chang yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Mozambike

Sentare muri Afrika y'epfo yafashe ingingo uno musi ku wa gatatu ko Manuel Chang yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Mozambike arungikwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika ku vyaha yagirizwa vyo kunyonora amafaranga ya reta.

Iyo ngingo yitandukanije n’iyari yafashwe n’umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Afrika y’epfo, yo kumurungika mu gihugu ciwe. Mozambike na Reta zunze ubumwe za Amerika vyasavye kurungikirwa Chang kubera uruhara yagize mu marorerwa y’ideni ry’imiliyaridi 2 y’amadolari muri Mozambike.

Impari zo kumenya igihugu yorungikwamwo kugira yishure ku vyaha yagirizwa zimaze igihe kitari gito ziba. Chang, apfungiwe muri Afrika y’epfo kuva mu mwaka w’2018, arahakana ivyaha yagirizwa.

Mu kwezi kw’umunani, inyuma y’uko dosiye yiwe itebeshejwe, umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Afrika y’epfo, Ronald Lamola yafashe ingingo yo kumurungika muri Mozambike. Yamara iyo ngingo yararwanijwe muri sentare.

Uno musi ku wa gatatu, umucamanza Margaret Victor yahinduye ingingo Lamola yari yafashe. Yatangaje ko iciye kubiri n’ibwirizwa shingiro rya Afrika y’epfo. Chang aronderwa ku ngurane y’imiliyaridi 2 y’amadolari yashigikiwe na reta ya Mozambike, yateweko igikumu igihe yari mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe ikigega hagati y’umwaka w’i 2005 na 2015.

Ayo mafaranga yari yagenewe imigambi itandukanye irimwo uburovyi bw’amafi ya Tuna, gukora ubwato n’ibijanye n’umutekano wo mw’ibahari. Yamara imiliyoni amajana n’amajana y’amadolari yarazimanganye, harimwo ibiturire, mu gihe inyungu ayo mafranga yari kuzana zitigeze zibonekeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG