Uko wahagera

Centrafrika: Amasezerano y'Amahoro Hagati ya Reta n'Imirwi Iyirwanya


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'umuryango w'ubumwe bwa Afurika bitangaza ko Reta ya Centrafrika n'imirwi 14 irwanya ubutegetsi bw'ico gihugu vyashitse ku masezerano y'amahoro.

Ayo masezerano y'amahoro abonetse inyuma y'ibiganiro impande zompi zagiranye amaso mu yandi, bigamije gutorera umuti ingwano ifatiye ku madini no ku bwoko yatanguye mu 2013.

Kuva iyo ntambara yaduka abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi barishwe, abandi bata izabo.

Bimwe mu biri muri ayo maszerano azoshirwako igikumu ku wa gatatu, ni ishigwaho ya Reta irimwo bose kandi ihurijweko na bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG