Uko wahagera

Cadi: Umuhungu wa Prezida Idriss Agabishwa Kuvanwa ku Butegetsi


Mahamat Idriss Deby, Umuhungu wa Prezida Idriss Deby

Abarwanya ubutegetsi bwa Cadi bagabishije ko bagiye gukura umuhungu wa Prezida aherutse kugandagurwa. Uwo muhungu Mahamat Deby Itno ni we yagenwe kuba umukuru w’igihugu w’imfatakibanza. Iyo nkuru yatumye abantu bibaza ko hagiye kuba intambara yo kugwanira ubutegetsi.

Uyu musi ku wa gatatu mu gitondo, abantu bari bafise amakenga y’amakuru avuga ko abarwanya ubutegetsi bariko bagana igisagara ca N’Djamena, gituwemwo n’abanyagihugu bashika umuliyoni. Abatari bake bibaza niba igisirikare kizoguma kiyoboka Mahamat Deby Itno, inyuma y’aho se wiwe yari amaze imyaka 30 ku butegetsi yiciwe mu ngwano.

Umurwi urwanya ubutegetsi uregwa ko ari wo wishe Prezida Idriss Deby Itno, ejo ku musi wa kabiri, waratangaje ko abarwanyi bawo bariko bagana igisagara ca N’Djamena. Yamara ayo makuru ntarashobora kwemezwa n’ikinyamakuru cigenga.

Abategetsi bagize inama nkuru ya gisirikare izorongora igihugu mu gihe c’imfatakibanza nabo baratangaje ko intambara yo gukingira igihugu itararangira. Icegera c’umukuru w’iyo nama Djimadoum Tiraina, yavuze ko igisirikare gitegerezwa gukora ibishobotse vyose kugira igihugu ntikigwe mu kaga.

Muri iki gihe abatari bake barafise amakenga y’ibintu bishobora gushika. Baribaza niba igisirikare kizoguma inyuma y’umuhungu wa Deby, Mahamat Deby Itno, kikabandanya utwigoro two gutuza abarwanya ubutegetsi. Abandi bibaza niba abantu baruhishijwe n’intwaro ya Deby yari imaze imyaka 30, bashobora kwifatanya n’abatera akamo gasaba ko ubutegetsi buhinduka.

Uko bizogenda kwose hari amakenga ko abasivile bashobora kugwa mu mporero, maze n’umutekano muke muri Cadi ugatandukira ibihugu bibanyi, nka Sudani na Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG