Uko wahagera

Amakungu Arahoza Abanyecadi Inyuma y'Urupfu rwa Idriss Deby


Uwahoze ari perezida wa Chadi Idriss Deby
Uwahoze ari perezida wa Chadi Idriss Deby

Abategetsi mu makungu kuri uyu wa kabiri bashikirije ubutumwa bw’umubabaro inyuma y’urupfu rwa perezida wa Cadi, Idriss Deby Itno, yafashanya n’ibihugu vyu mu burengero bw’isi kurwanya iterabwoba mu karere ka Sahel.

Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bw’imigenderanire n’amakungu bwavuze ko Amerika yifatanije n’abanyagihugu ba Cadi muri ibi bihe bigoye. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Ned Price, avuga ko Amerika ishigikiye guhanahana ubutegetsi hisunzwe ibwirizwa shingiro rya Cadi.

Ibiro vya perezida w’Ubufaransa, bivuga ko Cadi itakaje umusirikare akomeye kandi yakoze yivuye inyuma kugira arwanire umutekano w’igihugu mu karere mu myaka hafi mirongo itatu.

Perezida Muhammadu Buhari wa Nigeriya we yavuze ko ababajwe n’urupfu giturumbuka kandi rubabaje rwa Perezida Deby. Buhari avuga ko Deby yagize uruhara runini mu karere mu rugamba rwo kurwanya umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Abandi bategetsi barimwo umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, Moussa Faki Mahamat, umukuru wa komisiyo y’ubumwe bwa Afrika, perezida w’imfatakibanza wa Mali, Bah Ndaw bavuze ko bababajwe no kwumva amakuru y’urupfu rwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG