Uko wahagera

Burundi: Uwahatswe Kwica Musitanteri wa Komine Mwakiro Yaciriwe Imyaka 15


Sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga yaraye iciriye umunyororo w’imyaka 15 uwahora ari umukuru wa zone Mwakiro muri komine Mwakiro nyene.

Balthazar Nyabenda yaraye aciriwe ico gihano, yahagaritswe n’igipolisi ku musi wa kane w’indwi iheze kw’itariki 30/6/2020. Yahagaritswe yagirizwa gushaka kwica musitanteri amutwara muri komine Mwakiro ari naco caha yashengejweko n’umushikirizamanza wa parake yegamiye sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga.

Ni urubanza rwaburanishijwe mu ntahe y'icese y'ikibiriraho nk'uko bitegekanijwe ku manza z'ivyaha vy'abafatanywe itonga.

Igihe yahagarikwa, igipolisi catangaje ko camufatanye ikibugita yitwaje aho yari yatumweko na musitanteri kwisigura ku biti vya Reta yari yatemaguye. Ivyo biti bikaba vyari biteye ku mpade z’ibarabara ku mitumba ya Kibwigwa, Kibande na Butobwe muri komine Mwakiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG