Uko wahagera

Burundi: Urugomero rwa Bubanza Rwahombeje Reta Miliyaridi 13


Perezida Evariste Ndayishimiye n'abamuherekeje bagenzura urugomero rwa Bubanza
Perezida Evariste Ndayishimiye n'abamuherekeje bagenzura urugomero rwa Bubanza

Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yatangaje ko abahinga bubatse urugomero rwo kuvomera imirima mu Ntara ya Bubanza bagiye gufatwa bagahanwa.

Mu rugendo yagizeyo, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko urwo rugomero rwatumye reta ihomba amafranga arenga imiliyaridi 13 z’amarundi. Ni urugomero haheze imyaka irenga 10 rutaruzura kandi rwategerezwa kwubakwa mu myaka itatu gusa.

Abanyagihugu barenga ibihumbi 10 baharimira ibiterwa vy’umuceri muri komini Gihanga ahategerezwa kwubakwa urwo rugomero bavuga ko bahahombeye, bagasaba gushumbushwa.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:03 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG