Umuntu umwe yarishwe mu gaturuturu ko kuri uyu wa kane muri zone Musaga, komine Mukaza mu bumanuko bw'umugwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura mu Burundi
Uwishwe ni umusore yari azwi kw’izina rya Lionel Nimubona akaba yakora akazi ko guharura amafaranga mu kirabo kiri muri karitiye ya Kinanira ya kabiri. Ni muri zone Musaga, komine Muha mu bumanuko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.
Intwazangabo yo mu gisirikare c'Uburundi afise ipete rya colonel yamwishe, yari yaje kwaka inzoga amasaha yitereye abakozi barimwo uwishwe banka kumuha icupa. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi colonel Floribert Biyereke yemeje ano makuru.
Ayandi makuru Ijwi ry’Amerika ryakuye ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ni uko iyi ntwazangabo bitegekanijwe ko icirigwa urubanza rw’ikibiriraho ikaba yagejejwe imbere y’umushikirizamanza ku muhingamo wo kuri uyu wa kane.
Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum