Uko wahagera

Burundi: Umunyamerika Yafatanywe Amahera Menshi Yahagaritswe


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Abantu bane barimwo Umunyamerikakazi barafatiwe ku mugwa mukuru w'intara ya Bururi kuri uyu wa mbere ku muhingamo. Abajejwe intwaro bavuga ko bamwiketse kuko yarafise amahera menshi harimwo n'ibihumbi birenga 20 vy'amadolari.

Abafashwe bose harimwo n’umushoferi yariko atwara imodokari barimwo ni batanu. Bahagaritswe na bulamatari w’intara ya Bururi mu bumanuko bw’Uburundi ari kumwe n’umushikirizamanza wa Republika hamwe n’uwutwara iperereza muri iyo ntara.

Umwe mu bahagaritswe n’umurundakazi afise akabira k’Abanyamerika. Amakuru ava mu gipolisi yemeza ko Cecile Ahishakiye yavukiye muri Amerika mu mwaka w’i 1996 akaba ari umuforomakazi nk’uko impapuro ziwe z’inzira zivyerekana.

Uwo mukenyezi yafatanywe amafaranga arenga ibihumbi 22 vy’amadolari y’Abanyamerika n’ibihumbi 176.500 vy’Amarundi. Yasiguye ko ayo mafaranga yarayo kugura itongo n’ukuriha abashingwamanza kubera yoba ariko arondera kwahukana n’umunega wiwe.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha abari ku mugwa mukuru wa Bururi igihe abo bantu bafatwa yemeza ko ubw’intango bagirijwe gufata amafoto y’ibibanza bitandukanye ata ruhusha babisabiye.

Urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD ruri mu ma komite y’umutekano ni rwo rwoba rwarabiketse rubona guhamagara abajewe intwaro, umutekano n’ubutungane.

Imodokari bafatiwemwo ni iy’umushingamateka atavuga rumwe n’ubutegetsi yatowe mu runani Amizero y’Abarundi mu ntara ya Muramvya hagati na hagati mu Burundi akaba avuka muri komine Mbuye.

Bagitabwa muri yompi baciye bajanwa mu gasho k’igipolisi ku mugwa mukuru w’intara ya Bururi n’ubu akaba ari yo bagifungiwe bahava barekurwa kw'itegeko rya Aimée Laurentine Kanyana, umushikiranganji w'ubutungane.

Amafaranga batswe n'ama terefone ngendanwa co kimwe n'umuduga babisubijwe.

Ayo makuru nyene yemeza ko ubu bariko bakurikiranwa ku caha co « Guhungabanya umutekano w’igihugu»

Kuri uyu wa mbere kandi muri zone Gihosha mu buraruko bw’igisagra ca Bujumbura, igipolisi carafashe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa carabine ku rugo rw’uwundi muvukagihugu wa Amerika.

Umwidondoro wiwe nico yakora mu Burundi ntivyashizwe ahabona. Ariko bivugwa ko yoba ari umu diplomate. Amasoko atari make mu gipolisi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo munyamerika ata kindi kimurindiriye atari uguhindwa akava ku butaka bw’Uburundi.

Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bwanse kwemeza canke guhakana ayo makuru, bwabwiye Ijwi ry'Amerika ko amategeko atabemerera kugira ico bavuze ku buzima bwite bw'Umunyamerika.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Umunyamerika Yafatanywe Amafaranga Menshi mu Burundi mu Minwe ya Polisi
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:16 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG