Uko wahagera

Burundi: Umukuru w'Inama Nshingamateka Ntakeneye ko Abakobwa Batorana


Umupfasoni wo mu ntara ya Ngozi ariko arima mw'itongo. Itongo, ni bimwe mu vyo abipfuza ko abagore batorana basaba ko umugore yoza araronka nka basaza biwe
Umupfasoni wo mu ntara ya Ngozi ariko arima mw'itongo. Itongo, ni bimwe mu vyo abipfuza ko abagore batorana basaba ko umugore yoza araronka nka basaza biwe

Mu Burundi, amashirahamwe y'abakenyezi n'abigeme ariyamiriza ivyashikirijwe n'umukuru w'inama nshingamateka ku kibazo co gutorana ku bana b'abakobwa. Daniel Gelase Ndabirabe mu ngendo arimwo muri kino gihe c'akaruhuko ku bashingamateka mu ntara zitandukanye, yemanga ko hataragera ko hatorwa itegeko riha abagore n'abakobwa uburenganzira bwo gutorana.

Amashirahamwe yiyamiriza amajambo yiwe amusaba gusubira ku majambo yavuze ko abagore bize ari bo bagumura abataroye ku ntebe y'ishure babahimiririza gusaba uburenganzira bwo gutorana kandi akemeza ko bitera ingorane mu ngo bikazisambura.

Umukenyezi Justine Nkurunziza ari mu bagize amashirahamwe yigenga bahunze igihugu akaba mw'ihuriro ry’abagore n’abigeme baharanira amahoro rwitiriwe “Inamahoro”, asanga mu bihe vya none naho atoba umukuru w’urwego nk’inama nshingamateka ata muntu akwiye kwemanga ko abana batangana mu muryango.

Pamella Mubeza nawe atwara ishirahamwe ry’abigeme bibarukiye i wabo agereranya imvugo ya Ndabirabe atwara inama nshingamateka y’Uburundi n’ugushaka gusubiza abakenyezi mu buja.

Kugeza ubu, nta tegeko ryo gutorana mu Burundi rihari. Abavyeyi canke umuvyeyi canke naho abavukana mu gihe abavyeyi bashengeye ni bo biyumvikanira uko umwana w’umukobwa ahabwa umwandu wiwe, abahungu bo n’ubwo bizamwo ingorane rimwe na rimwe baza hasi amatungo yasizwe cane cane amatongo.

Naho ata tegeko rirajaho, abakobwa bitwariye basaza babo muri za sentare ibirego vyabo birakirwa. Mugabo ingingo umucamanza ayifata yisunze ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono canke naho akisunga uko nawe yarezwe n’ivyo yemera mu mico n’imigenzo. Umukuru w’inama nshingamateka yifuza ko biguma uku ibihe bidashira.

Kugeza ubu, haracari abagabo n’abahungu bafata umukobwa canke umugore asaba umugabane muri basaza we nk’igishegabo canke isimbarubebe abandi bakamubona nk’agatukisha.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

Abaharanira Agateka k'Abakenyezi Biyamiriza Amajambo ya Ndabirabe
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG