Uko wahagera

Burundi: Ubutegetsi Bwabujije Ibikorwa vy'Abakenyezi Bakinjikira Abarovyi mu Rumonge


Abarovyi mu kiyaga Tanganyika
Abarovyi mu kiyaga Tanganyika

Mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero bw'Uburundi hari abakenyezi bakora umwuga wo gukinjikira abarovyi bakunze kwitwa "Abapishi".

Ibikorwa vyabo bimaze imisi vyabujijwe n'ubuyobozi bw'intara bubagiriza gutwara abagabo b'abandi bukamenyesha ko abo barovyi iyo bavuye mu Kiyaga Tanganyika badataha mu ngo zabo bagashima gucumbikirwa n'abo bakenyezi.

Ariko abahagarikiwe aho bakura ico gutunga imiryango yabo bahakana ivyo bagirizwa bagafata iyo ngingo nk'akarenganyo

Bamenyesha ko bwari bwo buraro n’uburamuko bwano none batagira uko babikika. Bavuga ko abana babo bahevye amashure kubera batakironka uko babarihira.

Bamwe muri abo bakenyezi bavuga ko kuva akazi k’abapishi gahagaze ubuzima busa n’ubwahagararanye nako. Hari abagiye kwisanga ata kundi bobaho atari ukugurisha umubiri.

Nubwo biri uko Consolateur Nitunga, Bulamatari wa Rumonge arakura aba bakenyezi ku nzira. Mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika yemeza ko iyo ngingo ari ntasubirwamwo.

Umviriza inkuru yuzuye mu majwi dushikirizwa na Eloge Willy Kaneza, Umumenyashamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG