Uko wahagera

Burundi: Reta Igabisha Abadandaza Baduza Ibiciro ku Noheri n'Ubunane


Bamwe mu badandaza ibitoke mu Burundi
Bamwe mu badandaza ibitoke mu Burundi

Reta y’Uburundi yagabishije abadandaza bokwikika mu kiza mu kuduza ibiciro, muri iyi minsi mikuru ya Noel na Bonane. Abadandaza n’abaguzi bavyakiriye neza. Yamara hari abari bamaze kuduga ibiciro vy’ibiribwa vya nkenerwa mu gisagara ca Bujumbura. Reta iragabisha ko hashobora no gutangwa ibihano ku badandaza bazorenga kuri iyo ngingo.

Ibidandazwa Reta y’Uburundi yihutiye gukingira ni nk’isukari n’ibinyobwa vya Brarudi. Ibi ndetse vyari bimaze iminsi bikenye mu gisagara ca Bujumbura. Ndetse hashizweho ibiciro ntabanduka vy’ibiribwa nk’inyama aho ikilo kimwe kiri hagati y’ibihumbi 7 na 12 bivanye n’ingene zimeze, ikilo c’isukari ibihumbi 2500 y’amarundi, ndetse n’ibiciro ntarengwa vy’ibinyobwa vya Brarudi vyashizwe ahabona.

Mu bihano bitegekanijwe harimwo gutanga ihadabu hamwe no kwugarirwa urudandazwa canke ndetse gufungwa ku badandaza. Aho ni mu gihe, mu minsi mikuru irangiza umwaka nka Noheli n’Umwaka mushasha, bimenyerewe ko abadandaza baduza ibiciro ku biribwa vya nkenerwa n’impuzu cane cane z’abana.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Abazoduza ibiciro vy'Ibiribwa mu Burundi Bazohanwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:47 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG