Uko wahagera

Burundi: Kwegeranya Ibisigarira vy'Abaguye mu Ntambara Birabandanya


Umugwi w’igihugu ujejwe gutohoza ukuri no kurekuriranira ku mabi yabaye mu Burundi(CVR) urabandanya igikorwa co kwegeranya ibisigarira vy’abahitanywe n’intambara mu Burundi.

Kuri uyu wa kabiri uwo murwi wakoreye ico gikorwa muri komine Murangara mu ntara ya Ngozi ku kinogo Rusangi kiri ku mutumba wa Burenge. Ni ikomine imwe muri zibiri zavuzwemwo ubwicanyi bukomeye mu mwaka wa 1988, iruhande ya komine Ntega iri mu ntara ya Kirundo.

Amakuru yashoboye gushikira radiyo Ijwi ry’Amerika biciye ku bakunzi bayo, avuga ko ivyo bikorwa bihagarikiwe n’icegera c’umukuru w’umugwi, agitanguza ari kumwe na ba Buramatari b’intara za Kirundo na Ngozi.

Kubw’amakuru Ijwi ry’ Amerika ryaronse, icegera c’umukuru w’umugwi CVR Clement Noe Nkurunziza amenyesha ko ibinogo rusangi birenga 300 vyahambwemwo abantu ikivuga bimaze kumenyekana mu ntara ya Ngozi.

Muri vyo 300, komine Marangara iharugwamwo ibirenga 60. Icegera c’uwurongoye CVR agasaba abafise ivyo bazi ku vyabaye gutanga inkuru muri CVR.

Ivyo bikorwa bije bikurikira ibindi nk’ivyo vyari bimaze imisi birangurwa mu ntara za Gitega na Karusi aho CVR yatangaje ko bazuye ibisigarira vy’abishwe mu mwaka wa 1972.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG