Uko wahagera

Burundi: Imisi 15 yo Kunguruza Ingingo ya Sentare yo Kwakwa Imitungo


Impagarara za politiki muri 2015
Impagarara za politiki muri 2015

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi no kugumuka muri 2015 bafise imisi 15 kuba bunguruje inyuma y’ingingo ya sentare yo kwakwa amatungo bafitiye ku butaka bw’Uburundi. Iyo na yo n’iyo gushira mu minwe ya Leta amatungo y’abagirizwa ivyaha bibiri vyo mu mwaka wa 2015.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika Nyandwi Sylvestre asanga ivy’urubanza rwa sentare ntahinyuzwa ata mpari rwategerezwa gutera hagati y’aba canke bariya. Avuga ko urwaciwe ari ntabanduka, akiyamiriza abariko bagereranya ibiriko biba ubu n’ivyabaye mu mwaka w’1972.

Abatswe amatungo agashirwa mu minwe ya Leta bafise uburenganzira bwo kunguruza urubanza mu kiringo c’imisi cumi n’itanu kuva kuri uno wa gatanu. umushikirizamanza Nyandwi afise akamo atera abajejwe intwaro b’aho ahari ayo matungo.

Kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu uno mwaka wa 2019 ni ho parike nkuru y’igihugu yafata iyo ngingo yo gufata amatungo y’abakurikiranwa muri ivyo vyaha bibiri. Ico gushaka gutembagaza ubutegetsi n’ico guhamagarira abarundi kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza, ivyo umushikirizamanza kizigenza wa Republika yita kuja mu migumuko

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG