Uko wahagera

Burundi: Ikibazo c'Ibura ry'Igitoro Ntikiratorerwa Inyishu


Abagendesha imiduga batonze aho bashaka ibitoro
Abagendesha imiduga batonze aho bashaka ibitoro

Mu Burundi hamaze hafi indwi zibiri hibonekeza ubukene bw'igitoro co mu bwoko bwa essence cane cane ku migwa mikuru ya poritike Gitega n'ubutunzi Bujumbura.

Bamwe mu bagendesha amapikipiki, imiduga na za Tukutuku z’amapine atatu vyunguruza abantu n’ibintu bicishwa amafaranga babwiye Ijwi ry’Amerika ko bashobora gutondera igitoro amasaha arenga atandatu, bakemeza ko bigira ingaruka ku buzima bwabo.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amasoko ntanganguvu ari nabwo buraba ibijanye n'ibitoro amenyesha ko Reta yahaye amafaranga y'agaciro abacuruza igitoro kugira baje kukirangura. Mugabo yemeza ko umusi iki kibazo kizotorerwa umuti utaramenyekana.

Umviriza ngaha inkuru yuzuye mu ijwi ry’umumenyeshamakuru, Eloge willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:53 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG