Ikiyaga Tanganyika amazi yaco yuzuye cane arenga inkombe muri iyi misi iheze bivuye ku mvura nyinshi imaze igihe igwa mu ntara kama z’umugamba no mu mirwa zigihanamiye, imivo n’inzuzi bicisukamwo navyo birarengerwa.
Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe na bamwe mu baba ku mugwa mukuru w’intara ya Rumonge akemezwa n’abajejwe intwaro, n’uko ku musi wa kabiri w’iyi ndwi hari imiryango igera kuri 200 yataye izabo bitewe n’iyo myuzura, ija gusaba indaro ahandi kubera amazu yarengewe n’amazi hamwe n’isuri.
Abari bakigerageza gushika ubu ni abacuruza bakorera muri ako gace. Mugabo nabo nyene bemeza ko baherewe. Bamwe mu badandaza babisigura ko abatari bake muri bo bazomara n’imiburiburi ukwezi kose atawusubiriye gukora.
Abategetsi bata ikosa ku bantu bubaka ahatabigenewe mu kutubahiriza imetero 150 ziteganywa n'abajejwe ibidukikije n'itunganywa ry'ibisagara n'amatongo zitegerezwa kuja hagati y'aho abantu bubaka n'ikiyaga.
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.
Facebook Forum