Uko wahagera

Burundi: Agathon Rwasa Abona ko Ubutegetsi Butumbereye Kumukumira mu Matora


Agathon Rwasa na perezida Evariste Ndayishimiye
Agathon Rwasa na perezida Evariste Ndayishimiye

Icuka kibi kirangwa mu mugambwe CNL catumye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahagarika ibikorwa vy’uwo mugambwe mu gihugu cose. Abarongoye uwo mugambwe ishavu riraniga bakabona ko umushikiranganji ariko yivanga mu bitamuraba.

Mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Ninteretse Martin yamenyesheje ko ibikorwa vy’umugambwe CNL urongowe na Rwasa Agathon bihagaritswe. Uwo mushikiranganji amenyesha ko indyane ziri mu ndongozi z’umugambwe CNL batokwemera ko haba abiyitirira umugambwe bagakumira abandi.

Rwasa Agathon arongoye CNL wewe abona ko ata caha na kimwe bakoze. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yatangajwe n’iyo ngingo ya reta.

Abo bahora mu ndongozi za CNL ubu batavuga rumwe na Rwasa bamenyesha ko impinduka zituma abanywanyi batakaza ibibanza birenga 5,000 atari ikintu co gukora gihutihuti. Ngo ni co gituma ivyavuye mw’ikoraniro ryo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa gatanu bishiraho indongozi nshasha z’umugambwe batavyemera. Bishikirizwa n’umushingamateka Térence Manirambona avugira uwo mugwi utavuga rumwe n’indongozi za CNL zirongowe na Agathon Rwasa.

Umwigisha wa kaminuza Denis Banshimiyubusa yanonosoye ivyigwa vya politike amenyesha ko abanyepolitike benshi mu Burundi no muri Afirika bashira imbere inyungu zabo bwite bakibagira inyugu z’abo baserukira. Wewe asanga no mu Burundi ari ko bimeze.

Guhagarika ibikorwa vyose vy’umugambwe CNL mu gihugu c’Uburundi vyerekana ko umushikiranganji asa n’uwafashe uruhande. Bishikirizwa na Denis Banshimiyubusa aho amenyesha ko hari imigambwe myishi yabayemwo indyane ariko ibikorwa vyayo bigakomeza. Ati ivyerekana ko abashikiranganji b’intwaro yo hagati mu gihugu bagiye barakuranwa batigeze borohereza imigambwe itavuga rumwe na CNDD –FDD baba bakomokamwo.

Kugira mu Burundi ntihame indyane za politike uko amatora yimirije, Banshimiyubusa ahanura abanyepolitike kwama na ntaryo bashira imbere ukwumvikana kuko indyane kenshi zituma imigambwe isambuka, ababipfa bakahahombera bose.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu naho abasaba kwiyambura umutamana w’umugambwe barimwo bagakorera bose ata nkuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG