Uko wahagera

Burundi: Abayoboke ba Zebiya Bavanywe muri Kongo Banse Gufungura


Bamwe mu bayoboke ba Zebiya Ngendakumana
Bamwe mu bayoboke ba Zebiya Ngendakumana

Mu Burundi, abayoboke ba Zebiya Ngendakumana begeranirijwe muri site ya Makombe mu ntara ya Rumonge kuva ku wa 19 uku kwezi banse gufungura.

Basaba guhabwa ibifungurwa bibisi bakaba aribo bavyitekera. Abo bayoboke bababa 1600 mu kwanka gufungura nk’uko amasoko y'Ijwi ry'Amerika avyemeza basaba gusubizwa mu miryango yabo.

Abajejwe intwaro bamenyesha ko bazojanwa iyo baturuka babanje guhabwa inyigisho zo gukunda igihugu.

Umuryango witaho uburenganzira bwa kiremwa muntu Human Rights Watch ufatiye ku matohoza wakoze, wo usigura ko ufise ubwoba ko bashobora guhamwa.

Amakuru Ijwi ry’Amarika ryahawe na bamwe mu bajejwe umutekano batashimye kwigaragaza kubera batemerewe kuvugana n’itangazamakuru no ku mvo z’umutekano wabo ni uko muri aba bayoboke batashe hoba hinyegejemwo abantu bakorana n’imigwi yitwaje ibigwanisho.

Human Rights Watch mu kiganiro cihariye n'Ijwi ry'Amerika yasiguye ko ata makuru ifise kuri ivyo vy'abo boba binyegeje mu bayoboke ba Zebiya.

Muri 2013, Human Rights Watch mu matohoza yakoze yasanze amajana n’amajana y'abayoboke ba Zebiya bafunzwe bamwe bari musi y’imyaka 18 bari bafashwe amategeko ahonyanzwe. Benshi bagirijwe ikiroberi kubera banse kumvira itegeko rya Leta ryababuza gusengera i Businde.

Kuva mu mwaka w’i 2014, Zebiya Ngendakumana aronderwa n’ubutugane bw’Uburundi yagirizwa kugumura abanyagihugu.

Muri 2015 hadutse indyane za politike mu Burundi, abayoboke ba Zebiya azwi nk’umuvugishwa w’i Businde bahungiye muri Republika ya Demokarasi ya Kongo bavuga ko bariko bahigwa buhongo.

Inyuma y’imyaka ibiri abagera kuri 37 muri bo biciwe ahitwa Kamanyola muri territoire ya Walungu mu ntara ya Kivu y’ubumanuko mu mishamirano yabahuje n’abasirikare ba Kongo. Bamwe muri bo baciye bahungira mu Rwanda imbere y’uko ico gihugu kibaha Uburundi.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Burundi: Abayoboke ba Zebiya Bavanywe muri Kongo Banse Gufungura
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:46 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG