Abanyororo 972 harimwo abagore 23 bari bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura kuri uno wa mbere barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Ibirori vyatewe iteka na Prezida Evariste Ndayishimiye. Abarekuwe barashimira umukuru w’igihugu kandi bakemeza ko bagiye kuba akarorero mu kibano.
Kari akamwemwe ntangere mw’Ibohero rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura aho abari bahafungiwe 972 batashe mu zabo ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu yari yishikiye aho ku Mpimba mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo yafashe igenekerezo rya gatanu ukwezi kwa gatatu uno mwaka. Yamenyesheje ko iyo ngingo itashotse ija mu ngiro kubera ibikorwa vyo mu mabohero amwe amwe vyari bitunganijwe nabi, maze bituma igikorwa kitoroha gushira mu ngiro buno nyene. Perezida Evariste Ndayishimiye yatekereye impanuro abo barekuwe.
Prezida Ndayishimiye yasavye abasigaye ku mitumba kwakirana urweze abo bavukanyi babo batashe. Umwe muri abo barekuwe arashima akigoro k’umukuru w’igihugu. Amenyesha ko bagiye kuzokwitwara neza mu kibano akizera ko abo bazohasanga, bazobakira neza.
Muri abo barekuwe harimwo abari bafunzwe bagirizwa imyiyerekano yo ku wa 26 ukwezi kwa kane umwaka 2015, imyaka 6 ikaba irumanye kuri uno wa mbere. Yohani Minani arongoye urunani CENARD rutavuga rumwe na reta arashima ico gikorwa co kurekura abari bafunzwe. Asaba ariko ko umukuru w’igihugu yorekura n’abandi mw’ibohero hagasigara abantu baruhebwa gusa.
Muri ivyo birori vyo kurekura abafunzwe, umushikiranganji w’ubutungane Jeanine Nibizi yamenyesheje ko hagiye gufungurwa abakenyezi benshi mu misi mike naho atatanze isango ritomoye. Ati abakenyezi bose bibungenze n’abafise abana mu mabohero atandukanye y’Uburundi bagiye kurekurwa.
Ico gikorwa co gufungura abanyororo baronse ikigongwe c’umukuru w’igihugu catanguriye mw’ibohero rya Mpimba, kigiye kubandaniriza mu yandi mabohera y’Uburundi nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane. Nibizi yamenyesheje ko bizofasha cane kugabanya ubwinshi bwarangwa mu mabohero y’Uburundi yarimwo abantu barenga 10.000 kandi yubakiwe abatarenga 4000.
Facebook Forum