Uko wahagera

Burundi: Irekurwa ry'Abahawe Ikigongwe na Perezida Rigeze he?


Umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi yakuye ku nzira amashirahamwe yigenga aherutse gusaba ko abanyororo bahawe ikigongwe n'umukuru w'igihugu bafise amahadabu babwirizwa kwishura borekurwa bakazishura bukebuke. Jeanine Nibizi avuga ko bibaye uko abafitiwe imyenda batoba batunganirijwe kandi Reta ihamagarirwa kuzuriza bose.

Umupfasoni Nibizi anavuga ko icatebeje irekurwa ry'izo mbohe ari inyigisho zihabwa co kimwe n'abajejwe intwaro iyo zizotaha.

Mu Kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku bijanye n’imikorere y’igisata c’ubutungane carangiye mu kajoro ko kuri uyu wa kane ku mugwa mukuru wa poritike Gitega, umushikiranganji w’ubutungane yasiguye igituma ingingo ya perezida iha ikigongwe abanyororo itaraja mu ngiro kandi amategeko avuga ko ibwirizwa gukurikizwa igisinywa.

Jeanine Nibizi amenyesha ko turetse inyigisho bariko barahabwa hari n’izigenewe abazobakira mu mitumba n’amakomine.

Rimwe mu mashihamwe aharanira agateka k’abafungwa Ntabariza mu misi iheze ryasavye ko abafise imyenda mu bahariwe na perezida botaha bakariha buhorobuhoro.

Kugeza ubu amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu abona muri rino teba ry’ukurekura aba banyororo uruyeri rwo kugumiza mu munyororo abafungiwe ivyiyumviro vya poritike nk’uko Jea Claude Ntiburumusi ajejwe amategeko muri Acat Burundi yavyiganiye Ijwi ry’Amerika mu misi iheze.

Mu mabohero 11 ari mu Burundi, habarizwa abanyororo barenga 12700 mu gihe afise ububasha bwo kwakira abatarenga 4194.

Mu ntango z’ukwezi kwa gatatu gushize, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yasinye itegeko riha ikingongwe imbohe 5255 ariko nta n’akamaramuziro karasohoka ibohero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG