Uko wahagera

Burundi: Abagize Leta Bari mu Mwiherero Ugamije Kunoza Imiyoborere


Perezida Evariste Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’abagize reta yiwe bose bari mu mwiherero iminsi itatu ku murwa umukuru wa politike i Gitega.

Perezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko uwo mwiherero uja gusozerwa kuri uyu wa gatanu ufise intumbero yo kurabira hamwe ivyo reta yategerezwa gukora itakoze nko gukingira abanyagihugu, kubungabunga ubutunzi no kurwanya abanyonora amatungo ya Reta, kunagura igisata c’indero n’ibindi.

Umwiherero wateguwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ufise intumbero yo guha reta umurongo ngenderwako mw’itunganywa ryiza ry’igihugu rishira imbere abanyagihugu nk’uko vyasiguwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, ubwiwe.

Abakurikiranira hagufi ibikorwa vya reta cane cane mu gisata c’ubutunzi no kurwanya abarya ibiturire n’abanyonora amatungo ya reta nk’ishirahamwe ryigenga OLUCOME barashima uwo mwiherero.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:18 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG